vous etes ici accueil
Entire conference agenda

Requesting the United Nations and the Government of Burundi recognize the 1972 genocide against Hutu in order to achieve peace and reconciliation
Press Conference New York, Saturday, May 2nd 2015 1 United Nations Plaza, New York, NY 10017, 9am-12pm

Adam Clayton Powell Jr. State Office Building, 12pm-7pm 163 West 125th St. New York, NY 10027

[red]Abagira neza baturonkeye ikibanza muri ONU[/red]

Fasha guterera uko ushoboye

1. Rungika amazina y’abanyu bishwe mu 1972, na za témoignages zibara ingene batwawe/ bishwe canke batawe mu bipfuriro/imyobo

2. Pétition des Survivants: Sinya Petition yo gusaba kwemeza Genocide yagiriwe Abahutu mu 1972

3. anga intererano isabwe ($100) yo kumara urwo rubanza nyamukuru ruzodushikana ku biro vy’Inama Mpuzamakungu ONU.

4. Votre présence à New York: Tumenyeshe kare ko uri mu bazoseruka I New York mu kwa gatanu 2015

Bibwire abiwanyu I Burundi

[vert]Kuwa gatanu Rusama igenekerezo 01, 2015 :[/vert]

Ikoraniro ry’abazoba baserutse, n’inama menyeshamakuru mu nyubakwa ya ONU.

Bagenzi, benewacu,

Ngiye muri runo rwandiko kubashikiriza intererano kuvyo nzi n’ivyambayeko muri ruriya rwimo rwa 1972 rwateye ku Bahutu bakagandagurwa isinzi abarokotse nabo benshi bagata igihugu cabo bakomokera mu mahanga.

Nitwa Amédée Nkeshimana
Navutse muri 1958, nkaba maze gukwiza imyaka 55 n’uko mubibona.
Mfise abana bane bakuze kuko ndamaze kugira n’abuzukuru.
Nicaye mu Bubiligi aho nahingiye urwimo rw’inyuma y’igandagurwa rya Perezida Ndadaye muri 1993.

Ndi mwene Mukarabe Yozefu na Mbikiye Gatarina, umwuzukuru wa Rwaguka.
Imbere yuko agandagurwa, data yari umwigisha kw’ishule ritoyi muri amwe bita amashule yo kw’ishamba ryo mu Condi , paruwasi ya Rutovu kuko ico gihe amashule yari atunganijwe n’ishengero rya kereziya Gatulika. Umukuru w’ayo mashule akukirira paruwasi ya Rutovu yari umututsi yitwa Rucumuhimba Andereya, umugenduzi w’amashule ya Diyoseze ya Bururi akaba yari Patiri Bacinoni.

Umwaka w’amashule 1971-1972, nari mu mwaka w’indwi mw’ikoleji y’i Gitega bita "Collège Notre Dame".

Nari mfise imyaka 13 ishira 14, nkaba nari umwana akubagana mbere narimonogoza uravye abana twari ku rugero.
Kubera yuko data yavukana n’abahungu n’abakobwa isinzi, akaba kandi yari mu bana bo hagati ku rutonde rw’amavuka, abuzukuru ba Rwaguka twangana n’uburo budasekuye, bikaba binumvikana yuko umwana yarutse mu muryango wagutse, se akaba ari umwigisha muri ivyo bihe, eka vyose vyari bihagaze neza mu muryango wacu.

Kuri ako gashuri data yigishako, amashure yagera mu mwaka wa kane, akaba nawe yari umuhutu umwe rudende, kandi ari nawe yari anafise urupapuro rw’umutsindo; abo batutsi bakorana bari bamwe bananirwa n’amashule yisumbuye bageze mu mwaka w’umunani benewabo bagaca babihera akazi ko kwigisha kandi ivyo bigisha batanabizi. Noneho umwigisha w’umwaka wa mbere Simbare Hakilo bavuga yuko yari yagarukiye mu mwaka wa gatanu mu bihe vyo muri 1950???

Vyatuma rero abo bagabo batatu bama bafitiye inzigo y’inzikira data, nkaba na jewe nari maze gusa n’uwubibona naho nari nkiri umwana mutoyi, kandi narumva data avyidogera hamwe na mawe imuhira.

Kugirango dawe yegere hafi y’ishure yigishako, yari yaraguze itongo, turaheza turyimukiramwo muri 1962. Aho hantu ni kure yo kwa Sogokuru kandi twari dutandukanijwe n’umusozi munini cane bita Gikwazo, muri mwebwe muzosoma ibi bintu hari n’umugani w’ikirundi baca iwacu iyo bashaka kwihanikiza bikomeye bavuga bati "Ntusubize Ruvyironza i Gikwazo".

Iryo tongo rero data arigura, yari yariguze n’abatutsi bitwa "Abarango", bakaba ngo bari abaganwa batahiriye. Muri ivyo bihe bari bakenye cane. Bari abagabo babiri bavukana, umwe yitwa Vyumeko, uwundi nawe akitwa Bacinoni (si wa mugenduzi w’amashule);

Sewabo ngo yarababajije ati:" mbega mwa bagabo ko mugurisha amatongo kandi muriko muravyara, abo bahungu banyu muzoronka aho mubasohorera"?

Ngo boba bamwishuye bati: iki gihe dukeneye amafaranga, kandi urya muhutu niwe ayafise; twebwe turayakira, hanyuma tuzoca tumwica dusubire kw’itongo ryacu.... bati "kubera uzi yuko abahutu batagira akanabira, na bene wabo ntibazohirahira ngo baze kubaza ivyerekeye itongo risiga mwene nyina"!

Nta bintu nibuka vy’ingene twabanye n’abo bantu mu myaka ya mbere kuko nari umwana moto cane, ariko ndibuka yuko muri 1965 twahungiye kwa sogokuru turahamara igihe kirenga ukwezi, twarataye inzu isigara ideradera, inka nazo abavyeyi bari bazibikije.

Ubona ko ba bagabo bahiga kuzokwica data bagasubira kw’itongo ryabo, erega babikore. Bararishe igitero, baraza mw’ijoro rya muntu ninde italiki 3 za munyonyo 1968, barakubita ubuhiri ku mwango mukuru, maze bahamagara data, bati nasokoroke, amanike intoki zitatu ashimagize porona kuko bagira bamwice. Ico batibutse, kubera baje bababoreje, bakaba bataba muri ako karere,data yavyutse uko zakamuremvye, aca mw’idirisha ry’inyuma mu kigo ariruka, agenda akoma induru atabaza ababanyi; ariko kubera bamwe aribo bari barishe ico gitero, baramwirutse inyuma muri iryo joro ariko ntibigeze bamufata ngo bamwice. Ico gihe, yarokotse gurtyo, ariko ububisha bw’abo babanyi bwari ubutagiseseshwa urumuri.

Data yarabitwariye kw’ikomini, ariko nta n’umwe yakwirikiranywe, bamwishuye yuko yoshimira imana yuok batamufashe ngo bamwice iryo joro, hamyuma ngo boba barabihanije gusubira gukora ububisha nk’ubwo.

Imyaka ikwirikira twayibayemwo mu bwoba nta ngere, ariko twaragize imana Bacinoni ariwe yari n’ububisha burengeje, inyuma ya kiriya gitero yarafashwe n’ingwara ya " tibiri"(tuberculose), akama yagiye kwivuza mu Kibumbu. Vyaramutwara umwanya n’uburyo yokoresheje bwo kuduturubika, kugeza aho aruhira gupfa mu mpera z’ukwezi kwa kane 1972.

Ico gihe yapfa jewe nari kw’ishule i Gitega, ariko ngo mawe yoba yaranezerewe cane, avuga yuko bagiye kuruhuka mu muryango. Data ngo yoba yamuciriye umugani ati: "ntukanezerwe cane, naho hapfuye umwansi, uno musi rutwara umwansi bukeye rugatwara umukunzi".

Mawe yaranyiganiye iyo nkuru ngarutse mvuye kw’ishule, ambwira yuko data yari afise umutima mwiza nta ngere ku buryo wewe ata nabi yipfuriza n’abansi biwe, ariko yambariye yuko turetse yuko yakunda umugabo wiwe akanamwubaha, kubimwerekeye ubwiwe ntacari kumubuza kwiruhutsa Bacinoni apfuye.

Iryavuzwe ritahe. Muri iyo misi nyene, hari uruhagarara, amaradiyo avuga yuko umwami ntare yagarutse kandi aje gutera imidurumbanyo. Niho havugwa yuko abantu bateye i Bujumpura, i Gitega, muri za Rumonge n’ahandi. Baravuga yuko ngo ari abamenja, ngo harimwo na ba Mulele, ngo barica indasago maze insasu ntizibatobore; yuko abantu basabwe kugira irondo bakavijira kugirango umwansi ntabace muryahumye.

Data ngo ivyo bintu vyaramutera umutima uhagaze, ariko akabandanya yiyumvira yuko ata nkwirikizi bizogira kuri we , kuko yari amaze umwaka yatiwe kuba umushingantahe, akaba yari yamaze kwinjira mu mugambwe wa Porona. Ntiyigeze asiba kuja ku kazi nkuko bisanzwe.

Ariko ku musi wa gatanu italiki 5/05/1972, data ahejeje kwigisha yitegurira gutaha, umuhutu Bandyayera yari afise akanywero hafi y’ishule yaraje aramwihereranya, amubarira yuko yumvise Simbare Hakilo umwigisha w’umwaka wa mbere, Mutsinga ariwe umukuru wa zone Condi na Baransaka umu konseye baraye bagira inama, bavuga yuko Mukarabe bazomwica ku musi wa gatandatu.

Yamubariye yuko batamenye yuko we yavyumvise kuko babivugana agiye kwihagarika inyuma y’akanywero. Yaramubariye yuko yoraba iyo aja kwinyegeza nkuko yari yabigize muri 65, kubera yuko "urwimo barwugama nk’imvura".
Kubera yuko ataco yiyagiriza, ko bose bari bazi yuko ari intungane, ntacatuma agenda kwinyegeza.

Uko vyari vyavuzwe niko vyagenze, data yaragiye kukazi bukeye nkuko bisanzwe, maze hafi saa tanu Mutsinga umukuru wa zone, Baransaka umu konsiye na Simbare umwigisha w’umwaka wa mbere baraje baramwakura ariko arigisha abana, bagenda bajanye kuri zone, bahasanga abantu bameze nk’ibinyamushinya, ngo batangura kumukubita ubuhiri, bamwambura isaha n’ibirato yari yambaye.
Data yaragiye ntiyagarutse, ariko mu nyuma niho umusore yitwa Ndayisenga yahavuye yinjira mu gisoda, niwe yatembera yambaye isaha ya data.

Aho mu Condi data yari amaze imyaka n’iyindi yigisha yari yahatanguye hari imyaka itatu y’amashule. Yari amaze kwubakisha umwaka wa kane, ibikoresho vya kwubaka umwaka wa gatanu vyariko biratororokanywa. Yagiye atabiranguye.
Hari murumuna wanje yiga kuri nya gashule mu mwaka wa kabiri. Baza gutwara se kumwica, yari mw’ishule, nta kintu yaciye n’ikanda. Agiye gutaha niho uwundi mwana yamubariye yuko se bamutwaye kumwica, kuko ingo z’abatutsi nka zose zari zibizi.
Ico gihe, nta muryango wiciwe umuntu warira canke ngo ugandare.
Murumunanje rero nyina yaramuhimirije gusubira kw’ishule ku musi wa mbere ukwirikira. Ashitse kw’ishule, umwgisha wiwe yaramuhamagaye, aramubaza ati:
- mbe sha, so wawe ari hehe?
- uwundi aramwishura ati: baramwishe
- yishwe na nde? ati yishwe n’abatutsi
- abatutsi ni bande? abatutsi ni mwebwe.

Ivyo bibazo vyabazwa umwana amaze imya 8 yiga mu mwaka wa kabiri, se wiwe yaraye agandaguwe izuba ryaka.
Umwana atashe i muhira, yaravyiganiye nyina, aca aramuhagarika gusubira kw’ishule, kuko yatinya yuko nawe bazomucisha ku buhomba nkuko babikoreye se.

Muri ico gihe, jewe ndi i Gitega kuri CND.
Amakuru twese twarayakwirikiranye kw’iradiyo, n’ivyerekeye itahukwa ry’umwami Ntare.
Kuri uwo musi wa gatandatu 29/04/1972, hari ihiganwa rikomeye cane ry’inkino zo kwiruka rihuza amashule yose yisumbuye y’i Gitega. Kuri CND twari dufise imikangara rutura rurangiranwa mu kwiruka , gutera amabuye, vya bintu vy’ibisahane, gusimba urukiramende, gutera imigano n’ibindi. Gitega ni igisagara kiryoshe n’urwaruka ruri mu mashuye atandukanye ruraryoheye ijisho.
Izo nkino rero zari kumara imisi ibiri maze hakazotangwa imidali itandukanye be n’igikombe kuwatsindiye imidale nyisnhi.
CND na Athénée twama twahanganye bikomeye cane kuko imidale myinshi yatwarwa n’abanyeshule biga muri ivyo bigo cane cane, ariko utibagiye ENG na ITAB.
Erega aho kuvyuka kuwa mungu habandanywa nya nkino, twumvise yuko ngo inkoho zarye zirasana mu gisagara, yuko hari abateye igihugu mu ntara zitandukanye, kandi yuko n’umwami Ntare yoba yarishwe ashaka gutorotswa n’abateye!!!
Niho haca imisi ibiri, abigisha bacu bamwe bakabajana, abandi bakabasiga, ariko tukumva ngo hajanywe abahutu, ngo bose babishe bagumutse bari mw’ibihero ry’i Gitega. Uwagarutse ni umwigisha wa chimie, yari umufaratiri Yohani Ntagwarara. Kuri iryo shuri hari umupatiri Martino Nyirandekura, be n’umufaratiri Bamboneyeho Venasi abica bigacika muri AC Génocide muri bino kuko abigisha benshi bari abazungu. Abo ntanuwabariye n’urwara, twahavuye twumva yuko ngo ari abatutsi.

Imisi yakwirikiye niho abana twigana baducikana ibinyamaswa, kandi kare ntahora dukina ata nkomanzi. Nk’uwitwa Diriyano Dinihiri muribo ngo yari umuhumgwabo wa Rwuri, niwe yaje umusi umwe ku mugoroba, aranyegera, ambarira ngo "wa mbwa y’umuhutu we"! Vyarambabaje, kubera yuko Faratiri Bamboneyeho yari umurezi wacu yari yatubariye ati habaye ingorane hagati yacu tuzohore tugenda kuzimutura maze azidutorereko umuti, naciye ngenda kumubarira nti hari umwana antutse ngo "ndi imbwa y’umuhutu"! Yanyishuye ati genda ndaza kumubaza ivyo ari vyo. Erega uwo mwana yaramutumyeko, ivyo baganiriye ntavyo nzi; ariko bamze kuvana yaraje angena, ankubita ikofe mujisho nka rimwe wokubita inzovu ikaragara. Ati mbe ma mbwa we, ko wagiye kundega, uriya wandezeko uramuzi, abaye so?
Ati kuva uno musi, uzokwama uza ndagukubite ikofe nk’iryo kira mugoroba imbere yo kuja kuryama. Yaranambariye ati oyo winumira ntugire ico uvuga ngo uza kundega nta wari kumenya yuko uri umuhutu, ati birya nabigize kangeze. Iryo kofe nararikubiswe imisi yose twamaze kw’ishule, gushika aho batwirukaniye itaiki 23/6/72.

Muri iyo misi twari mu makuba nk’ayo kwishule, bari baraje bararobora abanyeshule bari mu myaka ihereza ishule, bose barabica. Mubo jewe nzi, uwarokotse ni Dr Bahaminyakamwe Laurent, aze yirambire. Abatishwe hari abashoboye guhunga, bamara imyaka n’iyindi bari mu kaga.

Nari narumvise yuko muri Komine iwacu ata muntu n’umwe yarokotse, nca ndamenya yuko na data atarusimvye. Ico nari nyobewe ni ba data wacu, kuko bari benshi, hakaba hari 4 bari i Bujumbura bakora ubuzi bubayabaye, ariko bubatunze, hari Bihoramaso, data wacu mukuru, yari gushobora no kuba se wa data, ntibagiye, Muyobera ariwe muhererzi wo kwa sogokuru.

Abo babiri ndabavuze kuko Bihoramasoyari atunzwe no kuja kuzana amadebe y’amamesa mu Kigwena, akayazana ayiremetse ku mutwe; kari ikazi k’indya-nkudye. Muyobera nawe, yari wa mwana w’icanke, atumvira abavyeyi, yanse ishule, akaba yahora aja kuyerera muri za Makamba na za Mabanda ngo agiye kurondera akazi, yama atahuka nk’uko yagiye. Uwo rero no kugirango arongore, nyina wiwe ariwe nyogokuru yari yarategetse abahungu biwe ko biyungunganya bakamukwerera, bakamwubakira n’inzu kugirango arongore umugore. Ivyo vyose barabimukoreye, arazana umugore mwiza mu nzu ariko arayimutamwo yigira kuyerera.
Niho ngo yoba yarahuye n’abo babaca indasago kugirango bazorushe ububasha inkoho. Ivyo vyari binazwi mu mihana kuko ataho yari afise abika ibanga.

Igihe batanguriye kwica abantu mu gihugu cose, mu micungararo iwacu data niwe bahereyeko kuko bamwishe mw’iyinga rya mbere urwimo rutanguye, iwabo wa ba data wacu nta mututsi n’umwe aharangwa. Baratumyeko abantu bose ngo bagende kuri zone gusigura yuko ata ndasago bari baricishije. Kubera yuko Muyobera we yari yarazicishije, kandi vyari bizwi, n’urwimo rwateye yibereye hariya yahora aja kuyerera muri za Mabanda na Makamba.
Hariya niyo yaguye.

Nyogokuru rero yaravuze yuko umuhererezi wiwe yishuye ivyo yakoze. Niho yabwira Bihoramaso na Runyuzi ati ni bagende basigure kandi berekane yuko ata vy’indasago bagiyemwo. Baragiye nta n’umwe yagarutse. Ntibarwiga na Masogokuru bo bari i Bujumbura. Twari twarumvise yuko benshi mubari i Bujumbura batashe babasogota n’imigano bagiye gushika mu Mugamba, abo nabo twari twarabahebuye, ushizemwo na mwenewacu Hantoni Nkurunziza mwene Runyuzi, yakora icarahandi i Bujumbura; yandusha umwaka umwe, akaba ariwe muhungu mukuru mu buzukuru ba Rwaguka, kuko Bihoramaso bavuga yuko yahonye kuko yari yavyaye abakobwa gusa. Yari yaragerageje no ku bandi bagore biramuta k’uwamazi. Jewe rero Amédée Nkeshimana ndiko ndandika aya makuru, ni jewe nari umwuzukuru wa kabiri w’umuhungu muri bene Rwaguka. Kubera yuko bavuga yuko Hantoni nawe yari yakwirikiye ba se na ba sewabo, ni jewe nari nsigaye ndi inomero ya mbere, ari jewe mbazwa kunagura aba Rwaguka, ico gihe nari mfise imyaka 14.

Data bamaze kumwica, baciye rero birara mu bandi bahutu muri utwo turere. Kubera yuko ariwe wenyene yari yarize, bavuze yuko ngo yari kizigenza w’abantu bari bateguye kumara abatutsi. Iyo hava hakagera, nta mututsi n’umwe tuzi yapfuye muri utwo turere, kiretse abagabo bane bishwe na Fideli Ndimaso yari umusoda yakora i Bujumbura, akaba yari yaje azanywe n’ukwica data Mukarabe, ariko ageze mu Condi bamubwira bati abandi baramumutanze. Niho yabandanya iwabo mu Kagimbu maze akarasa bene wabo bane, abo nabo bakaba abo bapfa amatongo.

Aho iwacu mu Kagimbu baratemye baratongora, bavuze ngo ni data yasigiye mawe igitabo c’uzuyemwo amazina y’abahutu bose bishwe, agishikiriza umukuru w’umutumba Gitwera Silivesiteri, ngo kugirango umugore wiwe ntazopfakare wenyene.

Inkwirikizi y’ivyo, ni uko abantu bose, baba ababuze n’abatabuze mu bahutu, baciye baduharira ivomo, ivyo bikaba bisa n’uko bitarashira n’uno musi. Abiwacu nabo, ari marume canke ba senge, nta n’umwe yasubiriye gukandagiza ikirenge mu rugo iwacu batinya kwikwegera.

Nshitse i muhira, nahasanze ubunoge. Data bari baramugandaguye, asiga abana 7, nayo umuhererzi akwije umwaka umwe gusa.
Data niwe yazana igitunga urugo, twarya dusumye kuko amatongo y’aho hantu ata kintu yimburwa. Kubera yuko abatutsi tubana baciye baduca ku ncuti, abagenzi n’ababanyi, baraduharira ivomo hamwe ninka zacu bazankira kurisha no gushoka aho azindi ziri. Ayo magume twarayabayemwo imyaka n’iyindi, mawe akabura aho ata umutwe kugirango ashobore kurera izo ntano ziwe.
Twaciye twitwa abana b’abamenja, hari na bamwe bamwe bavuga yuko natwe turi abamenja. Ako niko kazina k’ubuhizi nakuranye,
kandi ntawuranyoza ico ceyi gushika uno musi.

Hoba harasotse rero muci 1972 itegeko rivuga yuko abanyeshule basigaye bogenda kwiyandikisha kuri komine, mawe arambarira ati ni ndabikore naho jewe nibaza yuko ari uburyo bwo kutubona akabero ntitubace mu myanya y’intoke. Nabikoze ku musi wa kabiri ndatonda kw’ikomine, iri ku bilometero 18. Nahashitse mu ma saa tatu maze ndatonda inyuma y’abantu bose bagenzwa n’impamvu zitajanye.

Ikiringo canje gishitse, umwanditsi wa Komine ariwe Piyo Muganga, yarambajije ikingenza. Namwishuye yuko ndi umunyeshule mu mwaka w’indwi. Yarambajije amazina yanje ndayamubwira. Ubona yuko ntitiranwa na data, yambajije data uwo ari we, nti Mukarabe Yozefu!
Uri mwene Mukarabe gasha?
Egome!
Twaramuvijiye sha, ntubizi?
Ego ndabizi!
Mbega harya wavuze ngo wiga hehe?
Kw’ikoleji i Gitega!
Huuum, mbega hariya ntibavijiye?
Egome baravijiye!
None ko batakuvijiye?
Sindabizi!
None uzosubirayo?
Ego nzosubirayo!
Ewe shahu, ntuzosubireyo ahandi ho bazokuvijira.

Uko niko twaganiriye n’uwuserukira ubutegetsi,nari mfise imyaka 14.

Naratashe, ngira ibindi bilometero 18 vyo gusubira inyuma; ariko ico kiganiro caciye kimpa ugukura mu vyiyumviro ku buryo nibaza ko naciye ngira imyaka irenga 30 uwo musi nyene. Nshitse i muhira nariganiye mawe ingene urugendo rwagenze. Nca mfata ingingo yuko ntazosubira kuyeguruka ngo ngire aho nja hanze kiretse hageze gusubira kw’ishule.

Kubera yuko bene Rwaguka bari barandukanye n’imizi, nyogokuru Bikebuka yaciye amera magabo, afata ikibanza c’arimwo abahungu biwe bose. Ingingo yafashe, ni iy’uko mu buzukuru biwe, umwana w’umuhungu aca agerageza kugirango umuryango unagurwe. Yaciye akoranya abapfakazi bose kugirango bumvikane kandi bemeze iyo ngingo yafashe. Ivyumvikana rero, jewe Amédée nari ngenywe kurondererwa umugore mfise imyaka 14 kugirango umuryango unagurwe. Kando noneho "nta mashule y’abahutu". Iyo ngingo yafashwe ndi i ruhande yabo ariko jewe nta jambo nari mfise gushikiriza.

Nyogokuru amaze kuvuga ivyo, benshi ntaco bari bafise bongerako uretse mawe yahavuye afata ijambo, aravuga yuko aho turi mu Bututsi hama inzara, yuko guha umugore umwana w’imyaka 14 atari ingingo nziza. Yaravuze yuko bizomugora gutunga abana indwi atawubamufasha, ati ariko umwanya Nkeshimana akigenda kw’ishule, arya ibirihwa na reta yishe se wiwe, ati azoba ariko arabihomvya, akire n’inzara n’umusi n’umwe. Yarongeye ati, kukibazo cerekeye amashule y’abahutu, ati n’aho abize bicwa, urwimo rw’ubu ni ururondera umuhutu wese aba uwize n’uwutize, ati ahandi ho bari kwica se wa Amédée bakareka sewabo Bihoramaso yari atunzwe n’idebe ry’amamesa yirigwa yiremetse ku mutwe. Iryo jambo rya mawe niryo ryankijije.

Narashoboye kubandanya amashule yisumbuye mu bukene atako bungana, narize kamimuza y’i Burundi mu rwego rw’abuvuzi, ndabandaniriza i Bulaya mu bubiligi ubuhinga buhanitse bwo kuvura amaso ari navyo nkorera muri kino gihugu, ariko sinibagira na gatoyi impfuvyi nyinshi zitaronse inguvu, uburyo n’ubushobozi bwo gushika nk’aho nashitse kandi zari zibishiboye bikaba vyatewe n’intwaro z’ababisha zakoze ayo mashano.

Data yaragiye kw’ishule kwigisha ntiyagaruka; abamwishe barazwi.

Haciye iyinga umukoresha wiwe Rucumuhimba Andereya yamwandikiye urwandiko amusaba yuko asigura igituma yataye akazi yari ashinzwe. Kubera yuko atishuye, yaciye yungururiza idosiye ku wumukurira ariwe mugenduzi w’amashule muri diyoseze akaba Patiri Bacinoni Venant. Uwo nawe yaciye yugara iyo dosiye avuga yuko hemewe yuko yikuye mu kazi. Abo bagabo babiri baracariho, inzandiko zanditswe ico gihe zirahari.

Data yaragiye adasezeye; kubera atawuririra umumenja, ntawugandarira umumenja ntanuwuca ku mazi. Uretse yuko bavuga yuko yataye akazi, ivyo ntibisigura yuko yokwitwa umumenja, kandi n’abo asize bakitwa abamenja.

Data, Bihoramaso, Runyuzi, Nkurunziza, Muyobera, n’abandi bose, barakwiye gusubizwa agateka k’abantu.

Kugirango tubone amafoto ya Micombero atonye mu biro vy’i Burundi, ni igitutsi atako kingana kubagiye bose n’abasigwa biturutse ku bubisha bwiwe, noneho ngo n’abasigwa biwe bahembwa amafaranga na Reta y’i Burundi.

Aya majambo nshikirije, ni ayo kwemanga icese yuko nzoshigikira uko nshoboye kwose umuntu, umugambi, umurwi wose uzoba werekeye kugarukira abacu, abavyeyi, abavukanyi, abo bose bahitanywe n’inkushi yo muri 1972 n’iyindi myaka yose habaye amabi nk’ayo mu Burundi.

Mugire amahoro.

Dr Amédée Nkeshimana
Nalinnes
Belgique

UGUSANGIRA IKIYAGO NI ISEMO. KWUMVIKANA NI UGUTERA INTAMBWE. GUSENYERA KU MUGOZI UMWE NI KWO GUTOZA IKIVI.

Turi ikibiri c-Abarundi/kazi.
Bamwe twacitse kw-icumu abandi turatotezwa mw-Ihonnyabwoko ry-Abahutu imbere y-umwaka wa 1972 n-inyuma yaho tuzira abaaharanira intwaro y-ivanguramoko ntutsi mu Burundi imbere ya 1972 n-inyuma yaaho.

Dusenyera ku mugozi umwe kugira ngo duterere agacumu k-ubumwe mu mabanga yo gusubiza umutamana abaazize ubusa bose muri ico kiiza c-ihonnyabwoko.

Ntituvuga yamuhe.
Ntitunuza inkuru.
Turi ivyabona.

Ni ivyo twiboneye kandi vyatubaye ko.
Mu magara yacu.
Ducura intimba.
Kugira ngo ukuri kuze kwaja ahabona.

Imyaka n-iyindi yarataashe intuntu idutekeye umutima.
Umusi uri izina abakoze iryo shano intahe izobookere.
Kugirango amagorwa y-abazize ubwo bubisha ntaze yibagiranwe.

Inama Mpuzamakungu ya mbere kw’Ihonyabwoko bw’Abahutu b’i Burundi imbere n’inyuma ya 1972 kuwa 3 rusama 2014 i Montréal Canada -

Igice ca mbere

Igice ca kabiri

Derniers articles

Soutenir par un don