Inama ya mbere y’Urunani rw’Abahutu bahohotewe n’Ihonyabwoko imbere no munyuma ya 1972 yakorewe ku mugaragaro mu Burundi mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 23 nzero 2015.
Ry’itabwe n’abantu batari bake, barimwo
- abamenyeshamakuru b’amaradiyo y’i Bujumbura: Isanganiro, Bonesha, Rema FM
- abanyamuhari bacu
- abarorerezi
- tutibagiye n’abkeba b’Atutsi b’intagondwa bahurikiye mu kadumbidimbi ntavuga mw’izina, kuko ngo hoba harimwo n’abatera umukoshi umuntu abavuze ataritanga umwansi.
Ivyo biganiro vyagenze neza cane, biremeshejwe na jewe Dr Amedi Nkeshimana nshinzwe igisata c’abanyamuhari baba mu bihugu vya Bulaya, mfadikanije na Farasisiko Gisaveri Nsabimana ashinzwe igisata ca hano mu Burundi.
Hariho n’umukenyezi Gawudensiya Masabo na Heremi Nyamiye baba mu Buswisi, na Barutoromeyo Nkengurutse wo mu Bubiligi.
Natanze ido n’ido imigabo yacu, ariyo:
Kumenyesha amahungu Ihonyabwoko ryatubayeko
Gusubiza iteka ry’abantu abacu bagandaguwe bagatabwa mu nyenga
Gutoteze ababisha bakoze iryo bara
Kwubaka icibukiro c’abacu
Gusaba icese Inama Mpuzamakungu ngo yemere ko twakorewe ihonyabwoko.
Inyuma y’ijambo ry’intangamarara, abamenyeshamakuru babajije ibibazo bitandukanye, hamwa n’abandi bari bahari, nkazoba ndabibashikirizi mu kiganiro nzobashikiriza vuba.
Ni mugire amahoro n’iteka aho muri hose.
Dr Amedi Nkeshimana
I Bujumbura
2014-2021 © Collectif des Survivants et Victimes du Génocide des Hutus avant et après 1972 au Burundi - tous droits
copyright spip
SPIP 3.2.3 [24211]
copyright eva
version eva
derniere mise a jour : mardi 11 juin 2019