Ejo kuwa 19 gitugutu, nari natiye agashambara nsimbira mu gisagara citwa La Louvière mu Bububiligi.
Hari hakoraniye abantu batari bakeyi batumiwe n’ishirahamwe "Solidarité Mutambara" kugirango batoranuze amahera yo gufasha abana biga kw’ishule ryo ku Mutambara.
Hari hakoraniye abantu batari bake baba abazungu canke ababiligi baturuka i Burundi canke I Rwanda. Nari mfise imigabo yo kumenyesha abo bantu rwa runani rwacu : Urunani rw’Abahutu bakubiswe n’inyabwoko ry’imbere n’inyuma ya 1972.
Abantu twaganiriye bose barampishutse yuko bemera ko turiko turakora ibintu vy’ingirakamaro, kandi baranemera kuzodushigikira.
Naranaberetse rwa rwandiko tuzoshikiriza Inama Mpuzamakungu muri 2015, rwo gushirako ibikumu. Abantu bashika 25 barashizeko ivyo bikumu, nkaba ata nkeka mfise yuko ibikumu 5000 bikenewe tuzobikwiza vuba kuko nzi yuko ico gikorwa kiriko
kirarangurwa mu mihingo yo kw’isi yose.
Aka kamo gatewe na
Dr Amedi Nkeshimana,
Kizigenza wa runo Runani mu bihugu vy’i Bulaya
2014-2021 © Collectif des Survivants et Victimes du Génocide des Hutus avant et après 1972 au Burundi - tous droits
copyright spip
SPIP 3.2.3 [24211]
copyright eva
version eva
derniere mise a jour : mardi 11 juin 2019